Uko wahagera

CEDEAO Gutera Nijeri Bihabwa Amahirwe Make


Abakuru b'ibiro vya gisirikare vy'ibihugu bihurikiye muri CEDEAO bakoraniye i Abuja, muri Nijeriya, kw'itariki ya 4/08/2023.
Abakuru b'ibiro vya gisirikare vy'ibihugu bihurikiye muri CEDEAO bakoraniye i Abuja, muri Nijeriya, kw'itariki ya 4/08/2023.

Abakuru b'igisirikare c'ibihugu bigize ishirahamwe ryo gufashanya mu vy'ubutunzi ry'ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, bazohurira muri Ghana ku musi wa kane no ku musi wa gatanu w'iyi ndwi, kugira baganire ku vyerekeye umugambi wo kurungika inteko muri Nijeri.

Mu ntango, iyo nama yari yategekanijwe kuba mu mpera z’indwi irangiye, yamara yarasibishijwe. Inama yo kuri uyu wa kane ko kuri uwu wa gatanu, izoba ibaye inyuma y’uko abategetsi b’ishirahamwe CEDEAO, mu mpera z’indwi irangiye bemeje gutegekanya inteko zijejwe kugarukana ubutegetsi bwisunga ibwirizwa shingiro muri Nijeri. Ni inyuma y’uko Prezida Mohamed Bazoum akuwe ku butegetsi kw’italiki 26 y’ukwezi kw’indwi kw’uyu mwaka.

Inama y’abategetsi b’ishirahamwe CEDEAO, yabereye ku murwa mukuru wa Nijeriya, Abuja, ku musi wa kane w’indwi irangiye, yarafashe icemezo co gushira imbere ibiganiro mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo biri muri Nijeri. Abitegereza ibintu n’ibindi, batangaje ko kurungika inteko muri Nijeri bishobora kubamwo ibibazo kubera ukutumvikana kuri mw’ishirahamwe CEDEAO.

Ishirahamwe CEDEAO ryari ryahaye abategetsi b’abasirikare bakoze kudeta muri Nijeri ikiringo ntarengwako c’indwi imwe, kw’itariki 30 y’ukwezi kw’indwi kugira babe bagarukanye ku butegetsi Prezida Bazoum canke bakitega ikoreshwa ry’inguvu za gisirikare. Yamara iyo taliki ntarengwako, yararangiye ata kibaye. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG