Sudani ihanganye n'ingaruka y'imvura y'isegenya yasenyuye amazu arenga 460. Ni imvura ije gusongera isibe ibibazo birimwo ivy'intambara imaze igihe muri ico gihugu.
Imvura yaguye muri Sudani yabangamiye uburaruko bw’ico gihugu. Ni igice ubundi cahoze kirangwamwo ubugararwa.
Ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, ryagabishije ko imyuzure y’imvura hamwe n’iyiterwa n’ibibomoke vyatewe n’intambara imaze igihe muri ico gihugu ishobora gutuma haduka ibiza birimwo marariya, korera n’agasama.
Mu gihe OMS yemeza ko hari uburere bumaze kubonekamwo korera n’agasama, ibice 80% vy’ibitaro ntibiriko birakora kubera intambara. Bike mu bitaro bigikora navyo akatari gake bigabwako ibitero, ibindi bigasahurwa nk’uko OMS ibandanya kubivuga.
Intambara ya Sudani n’ubu ntiracureha. Abanyagihugu bari I Khartoum babwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko ibisasu birimwo za roketi vyumvikanye mu gatondo k’uno wa mbere mu makaritiye abamwo abanyagihugu benshi. (AFP)
Forum