Uko wahagera

Perezida Vladimir Putin Ntazokwitaba Inama ya BRICS muri Afurika y'Epfo


Perezida w'Uburusiya, Vladimir Putin
Perezida w'Uburusiya, Vladimir Putin

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, ntazokwitaba inama yerekeye ubutunzi y'ishirahamwe BRICS itegekanijwe kubera muri Afrika y'epfo mu kwezi kuza. Iyo nkuru yatangajwe, kuri uyu wa gatatu, n'ibiro vya Prezida wa Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa.

Ivyatangajwe na Afrika y’epfo bisigura ko ico gihugu kitazogira ikibazo co gufata ingingo yerekeye niba cotegerezwa kwubahiriza umutahe wo guhagarika Prezida Putin wasohowe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Afrika y’epfo yarateye igikumu ku masezerano yashizeho iyo sentare. Kubera izo mvo ico gihugu cotegerejwe guhagarika Putin, naho casa n’icari cerekanye ko kitari kwubahiriza umutahe wo kumuhagarika.

Yamara ivyatangajwe n’Afrika y’epfo, kuri uyu wa gatatu, bizotuma ico gihugu kidahangana n’ico kibazo. Bibaye inyuma y’uko prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa, avuganye kw’itelefone na Prezida Putin mu misi ya vuba. Ibiro vya Prezida Ramaphosa, vyatangaje ko ingingo ya Prezida Putin yo kutitaba inama y’ishirahamwe BRICS, yumvikanyweko n’impande zompi. Uburusiya buzoserukirwa muri iyo nama, izoba hagati y’itariki 22 na 24 z’ukwezi kw’umunanai, n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergey Lavrov.

Ishirahamwe BRICS rigizwe n’ibihugu vy’Afrika y’epfo, Brezil, Uburusiya, Ubuhindi, n’Ubushinwa. Afrika y’epfo yatumiye abategetsi b’ivyo bindi bihugu bine mu nama yo mu kwezi kw’umunani imbere y’uko sentare mpuzamakungu mpanavyaha isohora umutahe wo guhagarika Putin mu kwezi kwa gatatu kw’uyu mwaka. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG