Ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi, HCR, ryateye akamo kihutirwa Reta ya Ghana kayisaba guhagarika bidatevye kwirukana impunzi zituruka muri Burkina Faso.
HCR yerekanye impungenge zikomeye ku makuru avuga ko Abanyaburkinabe amajana a’amajana, harimwo abapfasoni n’abana batishoboye, birukanywe muri Ghana inyuma y’uko basavye ubuhungiro muri ico gihugu.
Bari bahunze igihugu cabo kubera ubwicanyi n’uruhagarara biharangwa. Kubera ishirahamwe HCR ribona ibibazo bikomeye abo bantu bahanganye navyo, ryerekanye ko ryiteguriye gufasha Reta ya Ghana gutorera inyishu ivyo izo mpunzi zikeneye vyihutirwa.
Burkina Faso co kimwe n’ibindi bihugu bitari bike vyo mu karere ka Sahel, ihanganye n’ibibazo bikomeye bijanye n’umutekano w’abanyagihugu.
Umugumuko w’intagondwa z’abayislamu watumye abantu barenga imiliyoni 2 bahunga ingo zabo, kubera ubwicanyi n’uruhagarara vy’urutavanako mu gihugu cabo. Ivyo bibazo bisaba ko ibihugu bibanyi bishira hamwe utwigoro twavyo two gufasha no gukingira abakuwe mu vyabo n’intambara. (AFRICANEWS)
Forum