Uko wahagera

Uburusiya Buvuga ko Bukurikirira Bugufi Inama Hagati ya Zelensky na Erdogan


Recep Tayyip Erdogan
Recep Tayyip Erdogan

Abategetsi b'Uburusiya, uno musi ku wa gatanu, batangaje ko baza gukwirikiranira hafi ibiganiro Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, ategekanya kugirana na prezida wa Turkiya, Reccep Tayyip Erdogan, uno musi ku wa gatanu. Bavuga ko ivyo biganiro bizoba hagati y'abo bategetsi bompi mu gisagara ca Istanbul bizoba bikomeye kuri bo.

Bitegekanijwe ko abo bategetsi bompi babonana, uno musi ku wa gatanu mu gisagara ca Istanbul mu biganiro imbere y’umusi ugira 500 kuva Uburusiya butanguye ibitero muri Ukraine. Umuvugizi w’ibiro vya prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov, yabwiye abamenyeshamakuru ko bariko bakwirikiranira hafi ibiva muri ivyo biganiro. Yavuze ko barindiye kumenya ibizoba vyaganiwe, kuko ariibintu bikomeye cane kuribo.

Dmitry Peskov yatangaje ko Uburusiya bushima imigenderanire myiza bufitaniye na Turkiya, kandi burashima n’utwigoro twa Prezida Erdogan two kuba umuhuza mu ntambara hagati y’Uburusiya na Ukraine. Peskov yavuze ko Erdogan yagize utwigoro dukomeye akatari gake tugenewe guhagarika ibibazo vy’intambara muri Ukraine no kugira uruhara rw’umuhuza muri iyo ntambara.

Prezida Erdogan yagumye afitaniye imigenderanire myiza na Ukraine n’Uburusiya kuva Uburusiya butanguye ibitero mu kwezi kwa kabiri kwo mu mwaka urangiye w’i 2022. Yarafashije mu mwaka urangiye mu masezerano yarekuriye Ukraine gukoresha ibivuko vyayo kw’ibahari yirabura mu gushorera ingano n’izindi ntete mu makungu. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG