Prezida Macky Sall yatangaje iyo ngingo yiwe mw’ijambo yashikirije ejo ku musi wa mbere. Ni mu gihe hari hamaze igihe kitari gito vyitezweko azogerageza kwitoza mu kindi kiringo ca gatatu.
Muri iryo jambo yashikirije Prezida Sall yavuze ati “Haramaze igihe hari urukurukuru rwinshi rw’uko niteguye gusubira kwitoza mu matora yimirije. Ikiringo co muri 2019 cari ikiringo canje ca kabiri kandi ca nyuma”. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe bavuga ko ukwongera kwitoza mu kindi kiringo vyoba biteye kubiri n’ amategeko.
Urukurukuru rw’uko Macky Sall yogerageje kwitoza mu kindi kiringo c’umukuru w’igihugu rwaratumye haduka uruhagarara mu gihugu kuva mwaka wa 2021, abantu batari bake barahasiga ubuzima. Ivyo vyaratumye igihugu ca Senegal kitakibonwa nk’igitekanye mu karere. Prezida Sall yongeye avuga ati “Ingingo mfashe yo kudasubira kwitoza mu matora yimirije narayicariye ndayiyumvira neza
Abakuru b’ibihugu mu karere barashimye ingingo yiwe. Abo barimwo prezida wa Nijeri, Mohamed Bazoum, uwa Gineya Bisawu Umaro Sissoco Embalo hamwe n’umunyamabanga mukuru w’ubumwe bwa Afrika Moussa Faki Mahamat.
Mu kigwati kibamwo abantu batunze kiriwo icicaro gikuru c’umugambwe wa Prezida Sall, ejo ku musi wa mbere abanywanyi bawo ntibabona ibintu kumwe. Bamwe muri bo barabimushimiye, abandi bagira umubabaro watumye barira.
Facebook Forum