Muri Zimbabwe, abategekanya kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, bageze kuri 11.
Uwa mbere mu bategetsi bazohangana muri ayo matora ategekanijwe mu kwezi kw’umunani ni Prezida Emmerson Mnangagwa wo mu mugambwe ZANU-PF. Harimo kandi uwo batavuga rumwe, Nelson Chamisa, wo mu runani rwitwa “Citizens Coalition for Change”. Uyu ni umupasitori, akongera akaba n’umushikirizwamanza.
Umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora watangaje ko abandi banyapolitike 11, bari bipfuje guhiganwa mu kibanza c’umukuru w’igihugu, bakuwe kuri urwo rutonde kuko batashoboye gutoza amadolari angana n’ibihumbi 20. Aya ni yo yasabwa kugira ngo uwipfuza kwitoza agume kuri urwo rutonde.
Naho abo bategetsi babiri ari bo babonwa ko bashoboye kunagura ubutunzi bwa Zimbabwe, Saviour Kasukuwere, umunyapolike yafashe ingingo yo kuba mu mahanga, aherutse gutangaza ko nawe nyene, azohiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu.
Mnangagwa, afise imyaka 80 muri iki gihe, asubiye kwitoza mu kindi kiringo mu gihe ubutunzi bwa Zimbabwe butifashe neza kandi no mu gihe ifaranga ry’ico gihugu ryataye agaciro kw’idolari ry’Abanyamerika. (Reuters)
Facebook Forum