Uko wahagera

Burundi: Ababangamira Umugambi wo Gusubiriza Inoti z'Ibihumbi 5 na 10 Bashobora Guhanwa


Ishusho y'inoti y'ibihumbi 10 igiye gukoreshwa mu Burundi
Ishusho y'inoti y'ibihumbi 10 igiye gukoreshwa mu Burundi

Ibanki nkuru ya Republika y'Uburundi, BRB, itangaza ko imaze kugaruza amafaranga menshi cane mu mugambi irimwo wo gusubiriza inoti z'ibihumbi cumi n'ibihumbi bitanu.

Igenekerezo rya 17 uku kwezi, ni ryo sango ntabanduka ryo gukoresha inoti z'ibihumbi 10 n'ibihumbi 5 zahora zikoreshwa muri ico gihugu.

Mu kiganiro Robert Bellarmin Bacinoni ajejwe guhanahana amakuru muri banki nkuru y'Uburundi yagiranye n'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe, yahumurije abatariko baroroherwa kuguza inoti zigiye gusezererwa mu Burundi na nshasha, yibutsa ko abadandaza banka gufata inoti zigiye kuva kw'isoko bashobora guhanwa, yongera asigura igituma inoti za kera zigiye guhindurwa. Fyonda hasi wumvirize ikiganiro Robert Bellarmin Bacinoni yahaye Ijwi ry'Amerika.

BRB: Amafaranga Amaze Kugaruka Gusubirizwa ni Menshi Cane
please wait

No media source currently available

0:00 0:08:36 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG