Uko wahagera

Burundi: Abavunjayi Batisunga Amategeko Bagabishijwe


Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji wa mbere w'Uburundi
Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji wa mbere w'Uburundi

Umushikiranganji wa mbere w'Uburundi Gervais Ndirakobuca aragabisha gufunga abavunjayi bose mu gihe batokwirikiza ibiciro vyashinzwe na Reta. Kuri uyu wa mbere, umushikiranganji wa mbere yakoranye inama n'abavunjayi n'umukuru w'ibanki nkuru y'igihugu. Ku bwiwe, ico gisata kidatunganijwe neza n'igihugu gishobora kuzimangana.

Kuri uyu wa mbere, umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Gervais Ndirakobuca yakoranije abavunjayi. Iyo nama yarimo kandi umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu BRB. Kwari ukugira barabire hamwe ukuntu igisata co kuvunja amafaranga cifashe muri kino gihe mu Burundi. Imbere yo gusohora abamenyeshamakuru mu nyuma akanasohora abavunjayi amaze kwihererana n’umukuru wa BRB, Gervais Ndirakobuca yagabishije abavunjanyi ko ashobora kubata mvuto.

Umushikiranganji wa mbere yatangaje ko azi neza ko amazu yo kuvunja amafaranga afise abo yitirirwa, atari bene yo, asavye ashimitse abayajejwe, kwiyubara.

Abaserukiye amazu y’abavunjayi ntibashimye kugira ico babwiye abamenyeshamakuru bari ku kirimba c’umukuru w’igihugu mu gisagara c’ubutunzi Bujumbura, ahasanzwe hari ibiro vy’umushikiranganji wa mbere. Eka n’abo, Ijwi ry’Amerika ryagerageje kurondera bashimye kwinumira.

Mu ndwi iheze, ibanki nkuru y’igihugu yarakuyeho ikoreshwa ry’amanoti ya kera ya 10.000 na 5.000. Ababa mu Burundi bafise kugera ku wa 17 uku kwezi kugira babe bikuyeko amanoti ya kera. Mu mpera z’iyi ndwi iheze, Prezida w’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yari yongeye kugabisha abarundi kuri iki kabazo.

Haraheze indwi zibiri abavunjanyi 9 bo mu ntara ya Rumonge n’umwe w’i Makamba mu bumanuko bushira uburengero bw’Uburundi bafashwe. Bagirijwe ukugumuka ku ngingo z’ubutegetsi. Sentare y’intara yabahanishije ihadabu ry’ibihumbi 100 n’ukwakwa amahera yose basanganywe. Mugabo parake yarungururije iyo ngingo n’ubu bakaba bagipfunzwe.

Mu kwa kabiri 2020, amazu yo kuvunja amafaranga yarugawe kugira hasubirwemwo ukuntu akora kugira ntarenze 15% y’inyungu. Yasubiye kwugururwa mu kwezi kw’icumi, umwaka uheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG