Uko wahagera

Amerika Yagiriza Irani Guha Uburusiya Ibikoresho vyo Gukora Indege z'Intambara


Ahari uruganda ruzokorerwamwo indege z'ntambara mu Burusiya
Ahari uruganda ruzokorerwamwo indege z'ntambara mu Burusiya

Amerika yatangaje ko Uburusiya bugiye gutangura gukorera indege z'intambara zitagira umudereva ku butaka bwabwo. Ku bwa Amerika, Irani ni yo iri inyuma y'uwo mugambi.

Mw’itangazo umuhanuzi mukuru mu vy’umutekano mu biro vya prezida w’Amerika, John Kirby, yarungikiye Ijwi ry’Amerika, yagize ati: “ Turafise amakuru ko Irani iriko irarungikira Uburusiya ibikoresho vya nkenerwa vyo kwubaka uruganda rukora indege z’intambara zitagira umudereva. Iki ni ikimenyetso c’ugufashanya gukomeye mu vya gisirikare hagati ya Irani n’Uburusiya”.

John Kirby muri iryo tangazo yongeye avuga ko urwo ruganda rushobora kuzotangura gukora mu mwaka uza. Ibiro vya prezida w’Amerika vyasohoye amafoto yafashwe na satellite, yerekana igice citwa Alabuga kizokorerwamwo izo ndege z’intambara zitagira umudereva.

Akatari gake, amakungu arimwo n’Amerika yavuze ko zimwe mu ndege, Uburusiya bukoresha mu kugaba ibitero muri Ukraine, ari iza Irani. Amerika yemeza ko Irani imaze guha Uburusiya indege z’intambara zitagira umudereva zirenga ijana. Irani yamara irabihakana. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG