Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy yatangaje ko abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi batagira amazi yo kunywa. Ni inyuma y’igitero Ukraine yemeza ko Uburusiya bwagavye ku rugomero Kakhovka ruri mu bumanuko bwa Ukraine.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Zelensky yavuze ko Uburusiya bwasambuye urugomero rwa Kakhovka n’ibigirankana. Yagirije kandi Uburusiya kudafasha abanyagihugu baba mu burere buri mu minwe yabwo, bahanganye n’imyuzure yatewe n’urugomero rwa Kakhovka rwasambutse.
Abategetsi muri Ukraine bemeza ko abanyagihugu barenga ibihumbi 17 ari bo bimuwe, bavanwa mu micungararo y’uruzi rwa Dnipro rurimwo urugomero rwa Kakhovka. Ibigwati vyatewe n’amazi yavuye muri urwo rugomero ku ruhande ruri mu minwe ya Ukraine bigera kuri 40 nk’uko ico gihugu kibandanya kubivuga. Amazu menshi atatangajwe igitigiri yarasenyutse.
Ku ruhande ruri mu minwe y’Uburusiya, abanyagihugu bavanywe mu vyabo n’amazi yavuye muri urwo rugomero runini barenga 900. Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi mu Bwongereza bwavuze ko mu minsi iri imbere, urugomero rwa Kakhovka rushobora kubandanya rusambuka, amazi akabandanya atera imihana.
Uburusiya bwaragirije Ukraine gusambura urwo rugomero, Ukraine nayo ivuga ko ahubwo ari Uburusiya bwarusambuye. Ibiro vya prezida w’Amerika, White House, vyatangaje ko bifise amakuru yemeza ko urwo rugomero rwasambuwe n’Uburusiya.
Uburusiya na Ukraine vyasavye akanama ka ONU kajejwe umutekano guhura vyihuta, kugira bavugane kuri ico kibazo. ONU yavuze ko ingaruka z’isenyurwa ry’urwo rugomero zizogwira cane mu minsi iri imbere.
ONU yatangaje ko kuva intambara ya Ukraine n’Uburusiya yaduka, isenyurwa ry’urugomero rwa Kakhovka riza imbere mu twaga tumaze gushikira abanyagihugu b’inzirakarengane. (AP, REUTERS, AFP)
Facebook Forum