Uko wahagera

Impande Zirwanira Ubutegetsi bwa Sudani Zibandanya Gutana mu Mitwe


Imyotsi y'ibisasu vyamijaguwe i Khartoum
Imyotsi y'ibisasu vyamijaguwe i Khartoum

Ibibombe vyarashwe, mu gitondo c'uno musi ku wa mbere mu bice bimwe vyo mu burengero bw'umurwa mukuru wa Sudani, Khartoum, inyuma y'uko impande zidacana uwaka muri ico gihugu zitaniye mu mitwe mu mitwe mw'ijoro ryose ryashiriye uno musi ku wa mbere.

Ni mu gihe akajagari kabandanya kwiyongera ku murwa mukuru, Khartoum no mu ntara ya Darfur ir imu burengero bwa Sudani. Ingwano hagati y’igisirikare ca reta n’inteko zayiyonkoyeko yariyongeye inyuma y’uko agahengwe kari gahagarikiwe na Arabiya Sawudite na Reta Zunze Ubumwe za Amerika karangiye mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu w’indwi iheze.

Mw’ijoro ryo ku musi w’Imana urangiye, ababa ku murwa mukuru, Khartoum, baratangaje ko ingwano ikomeye yabaye mu bisagara bitatu vyegeranye vya Khartoum, Omdurman na Bahri. Umwotsi waboneka uriko uraduga mu kirere mu bice bitari bike mu masaha ya kare yo kuri uyu wa mbere.

Mohamed Saleh, umunyagihugu afise imyaka 37 aba mu gisagara ca Omdurman, avuga ko igice abamwo kiri hagati, gisahurwa ku mugaragaro uko umusi utashe,
ata n’umwe agerageza guhagarika ubwo busuma. Yavuze ko ivyo biba mu gihe ingwano hamwe n’ibibombe bibandanya kuraswa mu gice abamwo. Waled Adama aba mu gice kiri mu buseruko bw’umurwa mukuru, Khartoum, yavuze ko inteko ziyonkoye kuri reta zigenzura ibice bitari bike vyo muri ako karere kandi ko zisahura ibintu vyose zihambije. Yatangaje ko umuntu azibonera ku mugaragaro ziriko zirasahura imodoka, amafranga, inzahabu, n’ibindi ivyo ari vyo vyose bashobora kuronka.

Yamara inteko ziyonkoye kuri reta zivuga ko zikora ibishoboka kugira zikingire abanyagihugu. Ingwano muri Dafur imaze gukura mu zabo abantu barenga umuliyoni n’ibihumbi amajana abiri, mu gihe abagera ku 400,000 bahungiye mu bihugu bibanyi. (REUTERS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG