Uko wahagera

Burkina Faso: Abateshejwe Izabo Barenze Imiriyoni 2


Bamwe mu b ateshejwe izabo begeranirijwe mu makambi yo hagati muri Burkina Faso
Bamwe mu b ateshejwe izabo begeranirijwe mu makambi yo hagati muri Burkina Faso

Reta ya Burkina Faso yatangaje ko abantu barenga imiriyoni zibiri bateshejwe izabo kandi ko n’imfashanyo yo kubagarukirako itaboneka. Benshi muri bo bakaba ari abana n’abakenyezi.

Ivyo vyaratumye bagira ibibazo vyo gufungura nabi kubera basize inyuma imirima n’ibitungwa vyabo, bashigwa mu makambi y’impunzi hagati mu gihugu. Ubwicanyi buva ku bitero vy’abagwanyi ba al-Qaida n’abo mu mugwi w’abaharanira reta ya kiyislamu, bumaze gutuma igihugu ca Burkina Faso kiba kimwe mu birimwo abantu barenga ibice 2000 kw’ijana, bateshejwe ingo zabo kuva mu mwaka wa 201,9. Ivyegeranyo vyatunganijwe na reta biravyerekana.

Amashirahamwe y’abagiraneza na reta biriko biragerageza kwitaho abo bantu ariko nta buryo bukwiye buhari, kandi abo bantu babandanya gukena ibintu bitari bike. ONU ivuga ko ata n’igice c’amadolari imiriyoni 800 yari yasabwe n’amashirahamwe y’abagira neza yashoboye kuboneka.

Imigwi ikwirikiranira hafi ibiba muri Burkina Faso, ivuga ko reta ifise mu minwe yayo ibice bidashika kuri 50 kw’ijana vy’igihugu cose. Umwe mu bashakashatsi bakuru b’ishirahamwe rikorera muri Maroke, avuga ko umugwi al-Qaida n’uwuharanira reta ya kiyisilamu vyigaruriye ibice binini vy’igihugu.

Mu kwezi kwa mbere ni ho Reta y’Amerika yatangura kurungika kajugujugu zitatu zitwara imfashanyo y’ibifungurwa mu makampi y’abataye ingo zabo. (AP).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG