Uko wahagera

Tanzaniya: Leta Yashyizeho Ingamba zo Kurwanya Inzara mu Nkambi z'Impunzi


Impunzi z'Abarundi zigeze mu nkambi ya Nyarugusu mu 2015
Impunzi z'Abarundi zigeze mu nkambi ya Nyarugusu mu 2015

Reta ya Tanzaniya yemereye impunzi zahungiye mu nkambi za Nduta na Nyarugusu kwirimira ibiterwa bitandukanye mu dusambu duto duto twegereye imihana yabo mu ntumbero yo kugabanya inzara. PAM iheruka kugabanya ibiribwa yahora itanga ku rugero runini bigatuma ubuzima buhungabana.

Iyo ngingo yemejwe na bwana Abel Johnson yaserukiye umuyobozi ashinzwe impunzi muri minisiteri y’ubutegetsi bwi igihugu ca Tanzaniya Sudi Mwakibasi. Yatanagajwe mu nama yabereye mu nkambi ya Nyarugusu kuri uyu wa gatatu, kandi yemerera impunzi kwirimira, ivyari vyarabujijwe kuva mu mwaka w’2019

Bwana Abel yavuze ko reta ya Tanzaniya yemereye impunzi kwirimira ibiharage, imboga, ibijummba, imyungu ni bindi vyose vyamira hasi vyose. Kiretse ibigori, imyumbati hamwe n’ibitoke kubera biduga cyane bigatuma haba ikigunda bikorohera abagizi ba nabi n’abasuma bahungabanya umutekano mu nkambi.

Ikindi bwana Abel yasavye impunzi kugabanya kwidogera PAM yita ku biribwa mu gihe reta ya Tanzaniya iriko irakora ibishoboka mu gushakisha abagira neza mu yandi makungu bofasha gukemura ikibazo c’ibifungurwa.

Zimwe mu mpunzi z’Abarundi zahungiye mu nkambi ya Nyarugusu zo zisanga umugambi wo kugabanya ibiribwa ari guhonyanga amategeko agenga impunzi n’ubuzima bwa kiremwa muntu.

Umwidogo w’impunzi, ubuzima bubi, n’inzara ni vyo bitumye reta ya Tanzaniya yemerera impunzi kwirimira mu dusambu twegereye imihana yabo mu gihe hari haciye hafi imyaka 4 bibujijwe. Gusa, impunzi zitakambira amashirahamwe gutanga imfashanyo zikwiye mu gihe ico bahunze kitarakemuka kugira batahuke mu gihugu cabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG