Abantu batanu barishwe barashwe mw’ijoro ryo ku musi wa gatanu rishira uwa gatandatu n’umugabo yitwaje inkoho mu gisagara ca Cleveland muri reta ya Texas, mu bumanuko bwa Reta zunze ubumwe za Amerika.
Amakuru yatanzwe kuri uyu wa gatandatu na Televiziyo nyamerika ABC News avuga ko mu bishwe harimwo umwana w’imyaka umunani, kandi bose barasiwe ku nzu imwe.
Igiporisi hamwe n’abategetsi bo muri komine ya San Jacinto ico gisagara gitwarirwamwo yavuze ko isaha zitanu n’igice z’ijoro zo muri ako karere baronse amakuru yuko hariko haraba ibikorwa vy’uguhohotera abantu muri ico gisagara
Bavuga ko igihe bahashika basanze abantu batari bake bamaze kuraswa.
Uwutwara iyo komine yabwiye abamenyeshamakuru ko uwukekwa gukora ayo mabi ari umunyamegizike kandi yahunze akironderwa n'igiporisi gushika ubu.
Igiporisi nticavuze ibindi mu biranga uwo akekwako ubwo bwicanyi ndetse n’isano ryoba riri hagati y’abishwe n’uwo yabishe. Ariko ico kimenyeshamakuru ABC News cavuze ko bose bamuka muri Honduras.
Bose biciwe mu nzu imwe kandi bane bapfiriyeho, uwa gatanu yapfiriye kwa muganga. (Reuters)
Facebook Forum