Uko wahagera

Kenya: Abarenga 40 Boba Bishwe n'Ukwisonzesha Babisabwe na Pasitori


Bamwe mu bakekwa ko bishwe n'ukwisonzeshwa
Bamwe mu bakekwa ko bishwe n'ukwisonzeshwa

Ibiziga 39 vyatowe mw’itongo ry’umupasitori aba mu karere kari hafi y’ikivuko inyuma yaho abwiriye abahurikiye mw’idini ryiwe ko bakwiye kwisonzesha gushika gupfa.

John Kemboi ayobora igipolisi c’agacimbiri ka Malindi amenyesha ko hari imva zitari nke zitarimbwa kw’itongo ry’uwo mupasitori Paul Makenzi yafashwe kw’itariki 14 z’ukwezi kwa kane kubera imigigwa y’ugusenga ibintazi.

Abantu bashika kuri 43 ni bo bamaze kumenyekana ko bahasize ubuzima. Abahurikiye mw’isengero rya pasitori Makenzi bavuga ko yababwiye ko bokwisonzesha kugira bashike kuri Yezu.

Uwo mupasitori yari yarafashwe incuro zibiri mu mwaka wa 2019 no mu kwezi kwa gatatu kw’uyu mwaka, ku mpfu z’abana batari bake. Buri gihe afashwe yaca arekurwa akemererwa kuburana yidegemvya.

Igolisi casavye Sentare ko Makenzi kimugumana mu minwe yaco mu gihe amatohoza agikorwa ku rupfu rw’abo bantu bahurukiye mw’ishengero ryiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG