Uko wahagera

Alain Guillaume Bunyoni Yoba Yatawe muri Yompi


Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubutundi
Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubutundi

Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi yoba ari mu minwe y’inzego z’iperereza. Amakuru yo kwizera kandi yuzuzanya Ijwi ry'Amerika rifise ni uko yafashwe ku mugoroba w'ejo ku wa kane mu ma saa tanu z'ijoro.

Amakuru y’ifatwa rya Bunyoni agiye hanze inyuma y’aho ku wa gatatu w’ino ndwi, Reta y’Uburundi yatangaje ko atawuzi irengero ryiwe. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku munsi wa gatatu, I Bujumbura mu Burundi, umushikiranganji ajejwe umutekano, Martin Niteretse, yasiguye ko ibiro vy'umushikirizamanza kizigenza wa Republika biriko biramurondera. Ninteretse ntiyatomoye ariko ico arondererwa.

Mu gatondo k’uno wa gatanu, umwe mu bakoresha urubuga rwa Twitter, ku mazina y’umukobwa wiwe Darlene Bunyoni, yanditse urukurikirane rw’ubutumwa mu congereza butabariza uwo yise Se, agira ati: “ Dawe amaze iminsi ahagaritswe. Ntituzi uko amerewe. Ntituzi aho ari. Ntituzi n’uko akiriho. Ico dusaba, ni ikimenyetso c’uko yoba akiriho. Ni uburenganzira bwiwe bwo gukingigwa. Amategeko akubahirizwa.”

Uwo yitwa Darlene Bunyoni kuri Twitter yabandanije yandika ati: “ Kuki reta itigeze ivuga ko yahagaritswe? Hari ikintu iriko iranyegeza? Ico dusaba ni umuco. Umuryango wanje umaze iminsi ata burengazira ufise bwo kuva aho wugaraniwe mu nzu. Nta n’umwe ndashobora kuvugisha muri bo.”

Ijwi ry’Amerika ryaciye kuri urwo rubuga rwiwe, rirarimbura risanga ni urubuga rwatanguye gukora muri uku kwezi kwa kane, gutyo kumenya vy’ukuri ko urubuga ruriko rukoreshwa n’umukobwa bwite wa Bunyoni biragorana.

Gusa, ku rundi ruhande, twarimbuye urubuga rwa Instagram ruri ku mazina ya Darlene Bunyoni, dusanga ubu butumwa bwose buri kuri Twitter y'uwukoresha amazina ya Darlene Bunyoni, buri kuri Instagram biboneka ko ari iy'umukobwa wa Bunyoni: Amafoto yose ari kuri urwo rubuga, ni vy’ukuri ay’umukobwa wa Bunyoni, kandi ni urubuga atari rushasha, kuko hari amafoto ariko yarutangajweko kera.

Mu ntango z’iyi ndwi, ni ho amakuru ya mbere y'uko Bunyoni atawuzi iyo ari yamenyekanye. Abari mu nzego z'umutekano baragiye guska ingo ziwe zose ntibahamusanga.

Amakuru ya mbere Ijwi ry’Amerika yari yaronse ico gihe, yari uko Bunyoni ashobora kuba yari yahunze. Gusa, Ijwi ry’Amerika ico gihe nta vyemezo sindamusiga vy'uko yari yavuye mu gihugu ryashuse rironka. Abemeza ico gihe ko yari yahunze bavuga ko yari yahungiye muri Tanzaniya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG