Uko wahagera

Burundi: Rwasa Akomeje Kwemeza ko Umugambwe Wiwe Uburabuzwa


Agathon Rwasa atwara umugambwe CNL
Agathon Rwasa atwara umugambwe CNL

Mu Burundi, umukuru w'umugambwe CNL utavuga rumwe n'ubutegetsi avuga ko umugambwe wiwe uburabuzwa. Agathon Rwasa anagiriza zimwe mu ndongozi z'umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD gushikiriza amajambo abiba urwanko.

Haheze amezi abakuru b’imigambwe mu Burundi bagendera abanywanyi mu ntara zitandukanye kugira babasigurire uko bazoserukirwa mu matora y’umwaka wa 2025 y’abashingamateka kubera intara ico gihe zizova kuri 18 zije kuri 5.

N’umugambwe CNL utavuga rumwe n’ubutegetsi akaba ari wo wakurikiye CNDD-FDD uri ku butegetsi mu kibanza ca kabiri mu matora ya 2020 ntiwatanzwe.

Agatahon Rwasa awurongoye ni we yisidukira kuja gusigurira abanywanyi impinduka ku bijanye n’itunganywa rishasha. Ariko nk’uko yabivuze ahaheruka I Gitega kw’itariki ya 16, ababazwa n’ingendo yo kutihanganiranira imaze igihe yibonekeza.

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati avuga ko ata mugambwe uburabuzwa. Martin Niteretse yabisiguye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakru kuri uyu wa gatatu ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika.

Burundi: Reta Ivuga ko ata Mugambwe Uburabuzwa
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:00 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG