Uko wahagera

Burkina Faso: Abantu 24 Barishwe n'Abakekwa kuba Abajihadiste


Abantu 24 barimwo abasivile b’abakorerabushake mu gucungera umutekano barishwe ku musi wa kabiri mu bitero bibiri vy’abakekwa kuba abajihadiste mu buseruko bushira hagati bwa Burkina Faso.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ryatangaje ko ryabwiwe n’abajejwe umutekano ko imihari y’iterabwoba yateye mu kigwati ca Zekézé, muri komine ya Bittou, hafi y’urubibe na Togo hamwe na Ghana.

Aya makuru avuga kandi ko abakora iterabwoba barenga icumi bishwe igihe igisirikare cihora. Amakuru ava mu bajejwe umutekano yemeje ico gitero kandi ibiharuro nyezina vy’abahasize ubuzima bigiye bizotangazwa vuba.

Mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu abanyagihugu baharurwa mu majana bazindukiye mu myiyerekano muri iyo komine ya Bittou. Basaba ko harungikwa abasirikare gufashanya n’abakorerabushake mu kubacungerera umutekano

Amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike avuga ko ubwo bwicanyi bumaze guhitana abantu barenga 10.000 bagizwe n’abasivile hamwe n’abasirikare. Bavuga kandi ko abantu bangana imiriyoni zibiri bamaze gukurwa mu ngo zabo. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG