Amasasu yabandanije yumvikana ku murwa mukuru wa Sudani ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri naho abahanganye bemeye gutanga agahengwe k’amasaha 24.
Ababibonye bavuze ko bumvise ibisasu biturika hamwe no kurasana mu bice bitandukanye i Khartoum. Hari inyuma y’aho hatangarijwe ko guhoza amasasu kwabwirizwa gutangura isaha 12 z’umugoroba.
Atiya Abdulla Atiya wo muri sendika y’abaganga bo muri Sudani yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abanyamerika, Associated Press ko amasasu akibandanya yumvikana.
Mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri, abakuru b’impande zishamiranye batangaje ko bemeye guhagarika kurwana. Hari inyuma yo kuremerwa na Reta zunze ubumwe za Amerika, ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’abategetsi bo ku mugabane wa Afrika basavye ko imirwano ihagarara.
Abashamiranye bemeye guhagarika intambara inyuma y’aho umushikiranganji w’imigenderanire wa Amerika Antony Blinken avuganiye kuri terefone na jenerari Abdel Fattah al-Burhan na jenerari Mohamed Hamdan Dagalo. Uwa mbere arongoye igisirikare ca reta, uwundi arongoye umuhari w’abaparakomando wiswe Rapid Support Forces. Bose yabasavye gutanga agahengwe kugira imfashanyo zishikire abazikeneye.
Yabasavye kandi kumenya ko bakwiye kuzirikana umutekano no kuroranirwa kw’abasivire, abadoporomate hamwe n’abakora mu bisata bitanga imfashanyo.
Akamo ka Blinken kuri abo badacana uwaka muri Sudani ni kamwe mu bundi bwatewe n’abategetsi batandukanye kw’isi. Barimwo n’abashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu indwi biteye imbere kuruta ibindi kw’isi.
Umuyobozi mukuru wa OMS yavuze kuri uyu wa kabiri ko amakuru ava mu bategetsi ba Sudani avuga ko abantu barenga 270 bamaze kwicwa, n’abarenga 2600 bakomeretse. (AP, Reuters, AFP)
Facebook Forum