Uko wahagera

Amerika Izofasha Ukraine Gutohoza ku Vyaha Vyagirizwa Uburusiya


Umushikiranganji w'ubutungane wa Reta zunze ubumwe za Amerika Garland Merrick mu kiganiro n'abamenyeshamakuru n'umushikirizamanza mukuru wa Ukraine Andriy Kostin i Washington
Umushikiranganji w'ubutungane wa Reta zunze ubumwe za Amerika Garland Merrick mu kiganiro n'abamenyeshamakuru n'umushikirizamanza mukuru wa Ukraine Andriy Kostin i Washington

Ubutungane bwa Amerika buvuga ko bugiye gufasha Ukraine mu twigoro irimwo two gutohoza ku vyaha vyo mu ntambara vyakozwe n’Uburusiya. Umushikiranganji w’ubutungane wa Amerika, Merrick Garland yavuze kuri uyu wa mbere ko agiye kugena umushikirizamanza hamwe n’umuhanuzi muvy’amategeko bazofasha muri utwo twigoro.

Garland yavuze ko uwo mushikirizamanza azoba afise icicaro kuri sentare y’abanyaburaya iri i Lahaye mu Buholande. Hari inyuma y’umubonano yagiranye n’umushikirizamanza mukuru wa Ukraine Andriy Kostin.

Abategetsi bo mu gisata c’ubutungane muri Ukraine bamaze igihe bakorana n’ubushikiranganji bw’ubutungane bwa Amerika mu gutohoza ivyaha vyo mu ntambara. Muri ivyo vyaha hari ubwicanyi bwakorewe abanyamerika.

Kongre ya Amerika iherutse guha ububasha ubwo bushikiranganji gukurikirana abagirizwa ivyo vyaha vyo mu ntambara bari ku butaka bwa Amerika.

Uburusiya bwo buvuga ko butigeze bukora ivyaha vyo mu ntambara kandi burahakana ko butera abasivire. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG