Impande zibiri ziriko zirarwanira kwigarurira umurwa mukuru wa Sudani Khartoum, zemeza ko zaguye ibice zafashe kuri uyu wa mbere.
Abanyagihugu b’i Khartoum bavuze ko habaye ibitero vy’indege n’ibikoho vya muzinga kuri uyu wa mbere. Ubaye umusi ugira gatatu igisirikare ca Sudani gitana mu mitwe n’abaparakomando bo mu muhari Rapid Support Forces (RSF).
Volker Perthes, intumwa idasanzwe ya ONU muri Sudani yabwiye abamenyeshamakuru aho ari i Khartoum kuri uyu wa mbere ko abantu hafi 185 bamaze kwicwa n’abarenga 1.800 bakomeretse kuva izo ntambara zitangura ku musi wa gatandatu.
Ibitigiri vy’abishwe bishobora kwiyongera mu gihe abakomeretse badashobora gushika mu bitari kuvurwa.
Igice kinini c’umurwa mukuru nticagira umuyagankuba n’amazi. Iyo mirwano kandi yahungabanije n’ibindi bisagara vya Omdurman na Bahri, aho ibiraro bibifatanya na Kharthoum vyazibiwe.
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres kuri uyu wa mbere kandi yateye ivyatsi izo ntambara. Yahamagariye abakuru b’impande zishamiranye guhagarika vuba bwango urwo ruhagarara, kugarukana ituze no gusubira kuganira.
Ibi bisirikare bibiri biriko birarwanira gutegeka Sudani vyarigeze gusangira ubutegetsi bw’imfatakibanza. Abarwanira ubutegetsi ni Jenerali Abdel Fattah al-Burhan, arongoye igisirikare c’igihugu na Jenerali Mohamed Hamdan Dagalo, arongoye umuhari RSF.
Umuhari RSF wemeza ko wafashe ikibuga c’indege hamwe n’amakambi ya gisirikare. Igisirikare naco ca reta cemeza ko congeye kugenzura Tereviziyo y’igihugu.
Abahamagarira guhagarika iyo ntambara ku mugabane wa Afrika barimwo ubumwe bwa Afrika, ishirahamwe IGAD rihurikiyemwo ibihugu bigize umuryango w’ibihugu vyo mur’ako karere ujejwe iterambere.
Ishirahamwe IGAD ryavuze ko prezida wa Kenya William Ruto, uwa Sudani yo mu bumanuko Salva Kiir hamwe n’uwa Jibuti Omar Guelleh bazoja i Khartoum gufasha guhagarika intambara. (AP, Reuters, AFP)
Facebook Forum