Uko wahagera

Uganda: Umushikiranganji Agira Kabiri Yagirijwe Ruswa


sentare muri Uganda ikoranye ku vyaha vya ruswa i Kampala
sentare muri Uganda ikoranye ku vyaha vya ruswa i Kampala
Kuri uno musi wa mbere abashikirizamanza ba reta bagirije umushikiranganji agira kabiri ivyaha vya ruswa bijanye n’inyuruzwa ry’amabati yari yategekanirijwe ba ntahonikora.

Amos Lugoloobi, umushikiranganji ajejwe ikigega yahakanye ivyo vyaha yagirizwa, igihe yarengutswa imbere y’ubutungane ku mugwa mukuru i Kampala.

Uwundi mushikiranganji yagirijwe ivyaha nk’ivyo mu ndwi iheze, ni Mary Goretti Kitutu.

Abategetsi bashika kuri 22 nibo bamaze kwagirizwa ruswa; muri bo hakaba harimwo icegera c’umukuru w’igihugu, umukuru w’inama nshingamateka, umushikiranganji wa mbere, n’abandi bashikiranganji.

Vyitezwe ko n’abandi bategetsi bafatwa kuri ico caha.

Ubutegetsi bwa Prezida Yoweri Museveni bwama bwagirijwe ko butagira ishaka ryo kurwanya ruswa, bwategetse inzego z’iperereza gutohoza ivyo vyaha. Yazisavye kandi guhana abazoba bakoze banyuruje amabati y’ivyuma yari yagenewe abanyagihugu bo mu turere twa kure i Karamoja.

Ivyo birego vyagiye ahabona ku ncuro ya mbere mu kwezi kwa kabiri igihe vyatangazwa mu kinyamakuru New Vision. Ico kinyamakuru cari catangaje ko inzego z’umutekano mu buseruko bwa Uganda zafashe abantu bo mu muryango w’umushikiranganji Kitutu bariko bagurisha amabati ariko inzandiko za reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG