Uko wahagera

Uburundi Bwahevye Amatagisi ya Bimwe mu Bifungurwa vya Nkenerwa


Bimwe mu bifungurwa vya nkenerwa vyaduze ibiciro mu Burundi incuro zibiri zirenga
Bimwe mu bifungurwa vya nkenerwa vyaduze ibiciro mu Burundi incuro zibiri zirenga

Reta y'Uburundi iheruka gukura amatagisi amwamwe ku bifungurwa vya nkenerwa. Iyo ngingo ya Reta ikura amatagisi ku bifungurwa vya nkenerwa vyinjizwa mu gihugu yafashwe ku wa 30 ukwezi kwa gatatu guheze.

Yerekeye ibiharage vyumye, umuceri, ifu y’imyumbati, isukari, ifu y’ibigori, imyumbati ubwayo n’intete z’ibigori. Ibi biribwa biri mu vya nkenerwa vya misi yose biboneka vyiganje mw’isahani y’Umurundi yaba nyarucari, ubayabaye, umukozi wa Reta kugera no mu ngo z’abatunzi mbere no ku kirimba.

Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bwafashe iyo ngingo bwakuye kuri ivyo bifungurwa amatagisi 1.5% ku vyinjira bivuye hanze y’Uburundi. Indwi z’ibiri inyuma y'iyo ngingo, mu gihugu inyuma vyifashe gute ku masoko ? Urugero rwa 1.5% Reta yagabanijeko amatagisi rwoba ruhagije kugira umuguzi asahirizwe? Uruhande rumwe rurashima mu gihe hari abasanga vyari bikwiye kugabanuka gusumba uko biri. Fyonda hasi wumve uko abanyagihugu bavuganye n'Ijwi ry'Amerika babisigura kuri micros z'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza.

Ibiciro vy'Ibiribwa Vyifashe Gute ku Masoko mu Burundi?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:13 0:00

Amashirahamwe atari make yari amaze imisi asaba Uburundi gushiraho utwigoro dutuma umwimbu wiyongera no kuresha abagwizatunga mvamahanga mu gihugu aho ikibazo c’ibitoro cabaye ingorabahizi kuva mu mpera z’umwaka uheze.

Idolari ry’Abanyamerika ririko rivunjwa 4200 kuri uyu wa gatanu nk’uko amasoko y’Ijwi ry’Amerika abivuga. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye akaba yishuye Abarundi ko ata vomo afise avomamwo amadolari n’igitoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG