Uko wahagera

Igisirikare ca Sudani Kiragabisha ko Hashobora Kwaduka Intambara mu Gihugu


Brigadiye Jenerali Nabil Abdullah umuvugizi w'igisirikare ca Sudani
Brigadiye Jenerali Nabil Abdullah umuvugizi w'igisirikare ca Sudani

Igisirikare ca Sudani kiragabisha ko hashobora kuba ugutana mu mitwe inyuma y’aho hari umuhari witwara gisirikare uriko ugomba guteza intambara. Ibi vyateye ubwoba ko hashobora kuba gusubiranamwo kandi bikazoca bisubiza inyuma umugambi w’amahoro wo gusubiza ubutegetsi abasivire.

Igisirikare kivuga kandi ko ibi bishobora gutuma ibibazo vy’ubutunzi igihugu gisanzwemo biyangara kuruta ndetse igihugu kikinjira mu ndyane zishingiye ku moko.

Umuhari w’abarwanyi wiswe Rapid Support Forces (RSF) urongowe na jenerari Mohamed Hamdan Dagalo. Utungwa urutoke ko ari intambamyi ku butegetsi mfatakibanza bugana ku gusubiza uburongozi mu ntwaro ya demokarasi.

Abaserukira ibihugu vya Amerika, Ubwongereza, n’ubumwe bwa Buraya muri Sudani bavuze ko batewe impungenge n’iki cuka kibi kigiye kudindiza ibiganiro.

Umuhari w’abarwanyi RSF wavuye mu mirwi yitwaje ibirwanisho yarwanye mu ntambara yo muri Darfur mu myaka 20 iheze. Waragirijwe guhungabanya agateka ka muntu.

Warafashije igisirikare kirongoye igihugu ubu gutembagaza ubutegetsi bwa Omar Hassan al-Bashir muri kudeta yo mu 2019. Ivyo bisirikare bibiri vyarongeye gukorera hamwe mu yindi kudeta yo mu kwezi kw’icumi 2021.

Amakuru ava mu gisirikare ca Sudani avuga ko umuhari RSF watanguye gushira abasirikare bawo mu murwa mukuru Khartoum no mu bindi bice mu kwezi guheze. Ibi vyatumye igisirikare kimera magabo, gitangura gucungera bikomeye ikirimba c’umukuru w’igihugu. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG