Uko wahagera

Kanada Yafatiye Ibihano Bishasha Abashigikiye Uburusiya


Umushikiranganji wa mbere wa Ukraine Shmyhal abonana n'umushikiranganji wa mbere wa Canada Trudeau i Toronto
Umushikiranganji wa mbere wa Ukraine Shmyhal abonana n'umushikiranganji wa mbere wa Canada Trudeau i Toronto

Kanada kuri uyu wa kabiri yafatiye ibihano bishasha bijanye n’intambara y’Uburusiya na Ukraine. Yemereye kandi imfashanyo nshasha za gisirikare kuri Ukraine, inyuma y’aho umushikiranganji wa mbere, Justin Trudeau abonaniye n’umushikiranganji wa mbere wa Ukraine, Denys Shmyhal i Toronto.

Mu gihe abo bategetsi bari mu mubonano, urubuga rwa interineti rw’ibiro vy’umushikiranganji wa mbere rwahungabanijwe n’abataramenyekana. Ikigo c’iperereza ca Kanada cavuze kandi ko n’ayandi makuru atari make ya reta kuri interineti yazimanganye.

Kanada yemeye kuzorungikira Ukraine inkoho ninini zirenga 21.000 hamwe n’amasasu imiriyoni 2.4.

Ibi bihano bishasha vyafatiwe abarusiya 14 hamwe n’amashirahamwe 34 y’Abarusiya.

Trudeau yavuze kandi ko Kanada izofatira ibihano amashirahamwe icenda afise aho ahuriye n’igisata c’ubutunzi ca Biyerorusiya, isanzwe iriko irafasha Uburusiya kurwanya muri Ukraine.

Kanada yabaye kimwe mu bihugu bishigikiye Ukraine muri iyi ntambara. Imaze kwemera gutanga imiriyaridi 5.94 z’amadorari kuva mu kwezi kwa kabiri 2022. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG