Uko wahagera

Burundi: Zone Gatumba yo mu Ntara ya Bujumbura Igeramiwe n'Imyuzure


Hamwe mu harengewe n'amazi mu Gatumba
Hamwe mu harengewe n'amazi mu Gatumba

Imiryango itaramenyekana igitigiri yarateshejwe izabo n'imyuzure y'amazi muri zone Gatumba mu ntara ya Bujumbura mu burengero bw'Uburundi kuva ku musi wa mbere w'iyi ndwi.

Abanyagihugu bidoga ko ari ikibazo cama cisubiriza mu gihe c'imvura mu myaka itatu iheze. Reta ivuga ko abayifasha harimwo igisata ca ONU citaho iterambere PNUD bayemereye uburyo buzofasha mu misi iza kubakira uruzi Rusizi kugira ntirwongere guta inzira.

Abarenga ibihumbi 3 bari bateshejwe izabo n'amazi ya Rusizi mu myaka ibiri iheze bakaba ubu baba mu ma site bubakiwe na Reta. Isaba abari basubiye mu ngo kongera kuja mu ma site.

Kugera ubu abamaze guteshwa izabo igitigiri cabo ntikiramenyekana neza. Ariko musitanteri wa Komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura mu burengero bw’Uburundi ahari zone Gatumba, avuga ko ari benshi cane, akabihurizako n’abanyagihugu baganiriye n’Ijwi ry’Amerika.

Umwe muri bo yabwiye Ijwi ry'Amerika ati: “ Haciye imisi itatu Rusizi rwuzura, ejo vyararushirijeho. Ubu rero umusozi wose wa Kinyinya warahunze. Abahunze bariko barakirwa mu ma site”. Hari n'abafise impungenge ko hamwe atacokorwa zone ya Gatumba ishobora gufudika kw’ikarata y’Uburundi. Fyonda hasi wumve uko babisiguye muri ino nkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

Amakenga ko Zone Gatumba Ishobora Kuzimangana
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:12 0:00

Mu kwa gatanu 2021, akiri umushikiranganji ajejwe umutekano n’intwaro yo hagati mu gihugu, Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji wa mbere w’Uburundi muri kino gihe yari yemeje ko Reta igiye gutorera umuti urama ikibazo c’imyuzura mu Gatumba.

Mu myaka itatu iheze, imyuzura y’uruzi Rusizi yatumye abantu bababa ibihumbi 40 bata izabo nk’uko vyemejwe na Reta y’Uburundi. Abagera ku bihumbi indwi barimuwe kubera uturere babamwo twari tugeramiwe kurusha utundi.

Muri uyu mwaka, abanyagihugu bo mu kiyaya c’imbo n’akarere ko mu Mirwa basabwa gutegura imitima. Kugeza mu kwezi kwa gatanu, bazoterwa n’amazi menshi y’imvura nk’uko bitangazwa n’ikigo c’igihugu kijejwe kugenzura ibihe IGIEBU.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG