Uko wahagera

Silvio Berlusconi Yahoze ari Umushikiranganji wa Mbere w'Ubutaliyano Araremvye


Silvio Berlusconi, yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubutalaiyano, yagize uruhara rukomeye muri politike mu Butaliyano mu kiringo c'imyaka itari mike, ari mu cumba c'abarwayi basinzikaye bategerezwa kwitabwaho mu buryo bukomeye. Afise ibibazo vy'umutima.

Berlusconi, afise imyaka 86, yaragiye mu bitaro akatari gake mu myaka ya vuba. Muri iki gihe ari mu bitaro, San Raffaele mu gisagara ca Milan. Itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Butaliyano, Ansa, ryamenyesheje ko Berlusconi yakiwe muri ivyo bitaro mu gitondo c’uno musi ku wa gatatu.

Berlusconi, umurwizatunga akomeye ayoboye umugambwe Forza Italia, yaramaze imisi ine mu kwezi guheze muri ivyo bitaro nyene kubera ibibazo vy’umutima, imbere y’uko arekurwa kw’itariki 30 y’ukwezi kwa gatatu. Inyuma y’uko agize uruhara rukomeye muri politike y’Ubutaliyano mu kiringo c’imyaka 20, urwo ruhara rusa n’urwagabanutse muri iki gihe kuko aboneka gake ku mugaragaro.

Mu kwezi kw’icenda mu mwaka w’i 2020, Berlusconi yaramaze imisi 11 mu bitaro afise ibibazo vyo mu mahaha vyari bifatiye kuri COVID-19. Hari inyuma y’uko yanduye umugera wa COVID-19 igihe yari mu buruhuko kw’izinga rya Sardaigne. Umwaka ukwirikira, yaragiye mu bitaro incuro zitari nke kubera

ibibazo bifatiye kuri COVID-19. Berlusconi, yabaye umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano incuro zitatu. Ubu ni umukenguzamateka, (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG