Imigenderanire ya Somaliya na Cuba yanagutse: Umushikiranganji, Abshir Omar Jama, ajejwe imigenderanire ya Somaliya n’ayandi makungu, yatangaje ano makuru abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter.
Uno munsi ku wa kabiri, Juan Manuel Rodríguez aserukira Cuba muri Somaliya ari mu ba ambasaderi batatu bahaye prezida wa Somaliya impapuro zimuha uburenganzira bwo gukorera muri ico gihugu.
Umushikiranganjui w’imigenderanire ya Somaliya n’ayandi makungu yavuze ko igihugu ciwe cishimiye inaguka ry’imigenderanire na Cuba. Ambasaderi Rodríguez aserukira kandi Cuba muri Kenya.
Imigenderanire ya Somaliya na Cuba yatosekaye mu 1977, igihe Somaliya yari mu ntambara na Etiyopiya, Cuba ikarungikira Etiyopiya abasirikare bayisahiriza ku rugamba. Ico gihe, Cuba yatwarwa n’Umuhisi Fidel Castro.
Ahmed Isse Awad, yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Somaliya n’ayandi makungu yasesanguye avuga ko imigenderanire inagutse hagati ya Somaliya na Cuba, ishobora gutuma Somaliya igira ishaka ryo kubohoza abaganga babiri bo muri Cuba, banyurujwe n’intagondwa z’aba al-Shabab mu 2019.
Awad yemeza ko abo baganga uretse ko bakiri bazima, bafasha mu kuvurwa abo barwanyi. Abo baganga banyururijwe muri Kenya.
Facebook Forum