Uko wahagera

Brezile Yipfuza Guhuza Prezida Poutine na Zelensky


Prezida w'Uburusiya Vladimir Poutine n'uwa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy.
Prezida w'Uburusiya Vladimir Poutine n'uwa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy.

Intumwa idasanzwe ya prezida wa Brezile, Luiz Inacio Lula da Silva, yaganiriye n’abahanuzi ba prezida b’Uburusiya, n’Ubufaransa, Vladimir Poutine na Emmanuel Macron. Urubuga rwa interineti rw’ikimenyeshamakuru G1 co muri Brezile rwanditse ko uyo mubonano utumbereye kuraba ko Brezile yohuza Uburusiya na Ukraine.

Ico kimenyeshamakuru canditse ko Celso Amorim, intumwa idasanzwe ya prezida wa Brezile, yagarutse mu gihugu ku musi wa mbere inyuma yo kuganira n’Uburusiya hamwe n’Ubufaransa.

Urugendo rwa Amorim rwari rutumbereye kwumviriza impande zose zibiri ku ntambara yo muri Ukraine. Ico kimenyeshamakuru canditse ko atashoboye gushika muri Ukraine, ariko nta mvo yatanze yatumye atajayo.

Prezida Lula wa Brezile, yashikirije mu mpera z’ukwezi kwa kabiri ko ashobora kuba umuhuza mu mugambi w’amahoro muri Ukraine. Yavuze ko uwo muhuza akwiye kuva mu bihugu ataho vyegamiye muri iyo ntambara, nka Brezile n’Ubuhindi. Kw’itariki ya 2 z’ukwa gatatu, yabwiye Prezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine ko igihugu ciwe citeguye gufasha mu twigoro two kurondera amahoro kuri iyo ntambara. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG