Uko wahagera

Senegali mu Myiteguro y'Imyiyerekano Itemewe na Polisi


Senegali iriteguriye iyindi myiyerekano imbere y'urubanza rw'umunyaporitike atavuga rumwe na reta. Urunani rw’abatavuga rumwe na reta muri Senegal rwarabandanije akamo rwateye k’imyiyerekano uno musi ku wa gatatu n’ejo ku musi wa kane. Ni mu gihe urubanza rw’umunyaporitike atavuga rumwe na reta, Ousmane Sonko, yagirizwa amajambo atyoza reta, yashikirije mu mwaka uheze, ruzoba ruriko ruraba.

Ako kamo kabandanije guterwa naho abarongoye igiporisi batangaje kw’iyo myiyerekano itarekuwe. Urunani rw’abatavuga rumwe na reta rwariyamirije ivyo ruvuga ko abantu bahagaritswe mu buryo budaciye mu mategeko igihe guhangana guherutse kuba igiporisi n’abashigikiye Ousmane, bariko barahangana.

Urwo runani rwasavye abarushigikiye kwitaba ari benshi ku murwa mukuru wa Senegal, Dakar, imbere y’uko Ousmane Sonko ategekwa kurenguka muri sentare nkuru mu rubanza rwiwe kw’italiki 30 z’uku kwezi kwa gatatu.

Yamara imyiyerekano yaraziririjwe kubera ubwoba ko ishobora kugeramira umutekano n’uruja n’uruza vy’abanyagihugu. Uruhagarara rwaribonekeje mu bisagara bitari bike kuva urubanza rwa Sonko rutanguye kw’italiki 16 y’uku kwezi kwa gatatu.

Ousmane Sonko, umunyaporitike anebagura bikomeye Prezida wa Senegal, Macky Sally, yaragiye mu bitaro imisi itanu inyuma y’aho hari amakuru avuga ko yamijwe ibintu vy’ubumara bishobora kugira ingaruka mbi ku mubiri wiwe kandi yafashwe bunyamaswa igihe abategetsi bamujana muri sentare.

Yagirijwe n’umushikiranganji ajewe ingenzi muri Senegal, Mame Mbaye Niang, ko yavuze amajambo yambika iceyi, aratukana, yongera akoresha impapuro z’impimbano mu bifatiye ku vyo yatangaje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu mpera z’umwaka urangiye. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG