Uko wahagera

Uburusiya Bwemeye ko Ibihano vy'Amakungu Vyabugizeko Ingaruka


Prezida w'Uburuisiya Vladimir Putin
Prezida w'Uburuisiya Vladimir Putin

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, ku ncuro ya mbere yatangaje ko ibihano amakungu yafatiye igihugu ciwe bishobora kukigirako ingaruka. Mu nama yagiranye n’abagize reta yiwe ikerekanwa kuri tereviziyo nkuru y’Uburusiya, Prezida Vladimir Putin yagize ati: “ Ibihano twafatiwe nta nkeka ko bishobora kuzogira ingaruka mbi ku butunzi bw’igihugu cose.”

Kuva Uburusiya butangura kugaba ibitero muri Ukraine, ni ubwa mbere Prezida Vladimir Putin yemanze ku mugaragaro akanagabisha ku ngaruka y’ibihano vy’amakungu ku Burusiya. Hari haheze amezi yigamba ko ivyo bihano ataco bitwaye Uburusiya.

Ibihano amakungu yafatiye Uburusiya vyega ibisata bitandukanye birimwo ic’amasoko ntanganguvu, gifatwa nk’umutima w’ubutunzi bw’Uburusiya. Prezida Putin naho yagabishije ku ngaruka z’ibihano vy’amakungu ku Burusiya, yavuze ko kuva intambara Uburusiya burimwo na Ukraine itangura, ubushomeri “bwagabanutse kugera ku bice 3,6%, iduga ry’ibiciro akemeza ko rizokoroka rikava ku bice 20% ryariko mu mwaka uheze, rikaja munsi y’ibice 4%”. Aha ni naho yaguye akagaruka agira ati: “ Ibi yamara ntivyemeza ko ingorane mu vy’ubutunzi ziheze.”

Mu nama yagiranye n’abagize reta yiwe, prezida w’Uburusiya yasavye abajejwe ivy’ubutunzi gukora ibishoboka Uburusiya “ bukikwiza mu butunzi biciye mu migambi mishasha ishimikiye ahanini ku vy’ubuhinga bwa none.”

Hagati aho, igisata c’ubuhinga bwa none mu Burusiya carasinzikaye kubera abanyamahanga bakivanyemwo akarenge muri ico gihugu bivuye ku ntambara ya Ukraine. (AFP).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG