Uko wahagera

Burkina Faso Yahagaritse Ibiganiro vya Tereviziyo y'Abafaransa France 24


Studio za tereviziyo y'Abafaransa France 24
Studio za tereviziyo y'Abafaransa France 24

Burkina Faso yahagaritse tereviziyo y'Abafaransa, France 24, ku butaka bwayo. Izize ikiganiro yagiranye n'indongozi y'umurwi w'intagondwa ziyitirira idini rya Kisilamu, Al-Qaida.

Itangazo ryashizweko umukono n’umuvugizi wa reta ya Burkina Faso uno munsi ku wa mbere rivuga ko imboneshakure y’Abafaransa France 24 yasasiye indava intagondwa za Al-Qaida mu guha ijambo uwutwara ishami ry’uwo murwi mu karere ka Maghreb.

Umuvugizi wa reta iramutswa abasirikare batembagaje ubutegetsi bwa Burkina Faso, muri iryo tangazo, yagirije France 24 kwitwara nk’urubuga nyezina rwa Al-Qaida, no gukamira mu coze n’ugukwirakwiza ubutumwa “bugayitse n’amajambo y’urwanko y’intagondwa za Al-Qaida.” Itangazo rya Burkina Faso rivuga ko ibiganiro vya France 24 ku butaka bwose bw’ico gihugu vyahagaritswe ku nyungu n’umutekano vy’igihugu.

Igenekerezo rya 6 uku kwezi kwa gatatu ni ho imboneshakure y’Abafaransa France 24 yerekana mu buryo bw’inyandiko, inyishu z’ibibazo 15 umumenyeshamakuru wayo yabajije Abou Obeida Youssef al-Annabi, atwara ishami rya Al-Qaida muri Maghreb.

France 24 ije ihamvya mu bihano iradiyo y’Abafaransa, RFI, yahagaritswe muri ico gihugu mu kwa cumi na kabiri ko mu mwaka uheze. RFI nayo yazize ico Burkina Faso yita ugutangaza ubutumwa bw’umwe mu ndongozi z’imirwi y’iterabwoba.

Ahandi RFI na France 24 bitacumvikana ni muri Mali. Ivyo bimenyeshamakuru vy’Ubufaransa biri mu bikurikiranwa cane mu bice bitandukanye bikoresha igifaransa ku mugabane w’Afurika. (VOA Afrique)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG