Reta zunze ubumwe za Amerika iriko irakora ibishoboka kugira ibohoze abanyamerika batari bake bafungiwe muri Afuganistani. Iriko kandi irafasha abandi 44 bariko bararondera kuvayo.
Umushikiranganji wa Amerika w’imigenderanire n’ayandi makungu, Antony Blinken, yavuze kuri uyu wa kane ko Amerika itemera abategetsi b’Abatalibani batwara igihugu muri iki gihe. Blinken yariko yishura ibibazo vy’abashingamateka ahanini bo mu mugambwe w’abarepuburikani. Bamuhase ibibazo bijanye n’ikurwa ry’abasirikare ba Amerika muri Afuganistani mu 2021.
Amerika, naho imigenderanire yayo n’abategetsi b’Abatalibani atako yifashe, yarakoze mu buryo bwo mw’ibanga kugira ifashe abanyamerika bipfuza gutaha.
Blinken yavuze ko ubushikiranganji arongoye bwafashije abanyamerika 975 kuva muri Afuganistani. Abandi bangana 175 bafise ubwenegihugu bwa Amerika baracari muri ico gihugu. Barimwo abagiyeyo kuva Abatalibani bashika ku butegetsi.
Gushika ubu, nta gihugu na kimwe kiremera reta y’Abatalibani. (AFP)
Facebook Forum