Uko wahagera

Igisirikare ca Somaliya Cishe aba Al Shabab 5


abasirikare ba Etiyopiya kuri burende mu gisagara ca Baidoa muri Somaliya
abasirikare ba Etiyopiya kuri burende mu gisagara ca Baidoa muri Somaliya

Igisirikare ca Somaliya kivuga ko cishe abarwanyi batanu ba al-Shabab mu bikorwa vya gisirikare cakoze mu turere dutandukanye two mu ntara ya Lower Jubba. Radiyo ya reta, ikorera i Mogadishu, yanditse ku rubuga rwayo rwa interineti ko igisirikare cafashe n’umutegetsi wo hejuru muri uyo muhari.

Ariko iyo radiyo ntiyatanze umwidondoro canke ipete ry’uwo mutegetsi wa al-Shabab yafatiwe muri ivyo bitero. Eka na Al-Shabab ntirabeshuza canke ngo yemeze ivyashikirijwe n’igisirikare.

Ibi bitero biri mw’isekeza ryo kurwanya al-Shabab reta irimwo mu bumanuko bushira hagati bwa Somaliya. Vyitezwe ko vuba ivyo bitero bizotandukira mu mareta aherereye muri ako karere nka SouthWest na Jubbaland, aho uwo muhari ugenzura igice kinini.

Mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu nyene, umushikiranganji wa Somaliya wo kwivuna abansi, Abdiqadir Mohamed Nur, yavuze ko mu mezi aheze igisirikare cishe abarwanyi hafi 3.000 kuva iryo sekeza kuri al-Shabab ritangujwe mu kwezi kwa munani, 2022. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG