Abanyamerika babiri, umugabo n’umutambukanyi wiwe bariko bagirizwa ivyaha vyo gukubagura umwana w’imyaka 10 mu gihugu ca Uganda, barekuwe na sentare yo ku murwa mukuru Kampala, babanje gutanga ingwati.
Mu ntango, Nicholas Spencer, hamwe n’umutambukanyi wiwe, Mackenzie Leigh Mathias Spencer, bose bafise imyaka 32, bamuka muri Reta ya Carolina y’epfo, muri Amerika, bagirijwe ko bakubaguye, bongera bashaka kunyuruza umwana bari bareze, ku murwa mukuru Kampala.
Mu nyuma, baragirijwe n’ibindi birego bivuga ko babandanije kuba mu gihugu ca Uganda, uburenganzira bwo kuhaba, bwaraheze. Baragirijwe kandi kubandanya gukora batabifitiye uburenganzira, nk’uko bitangazwa n’umushingwamanza wabo, David Mpanga. Icaha co gukubagura umwana mu gihugu ca Uganda, gihanishwa umunyororo wo guherayo.
Uyo munyamerika hamwe n’umutambukanyi wiwe baba mu gihugu ca Uganda kuva mu mwaka w’2017, barahakana ibirego vyose bagirizwa.
Facebook Forum