Uko wahagera

Inteko z'Ubumwe bwa Afurika Zizova muri Somaliya mu Mwaka Uza


Bamwe mu basirikare b'Uburundi bari muri Somaliya
Bamwe mu basirikare b'Uburundi bari muri Somaliya

Abategetsi muri Somaliya bumvikanye kwongereza igitigiri c’abasirikare n’abaporisi, mu ntumbero yo gushitsa ibisabwa kugira bazobashe kwicungerera umutekano.

Ni mu gihe inteko z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika zitegekanya kuzova muri ico gihugu mu mpera z’umwaka uza. Aya mesezerano Ijwi ry’Amerika ryabonye ikopi yayo avuga ko abasirikare b’igihugu bazoba bangana 30.000 n’abaporisi bongerezwe gushika ku 40.000.

Yateweko umukono mu ndwi iheze n’umushikiranganji wa mbere, Hamza Abdi Barre, hamwe n’abategetsi b’amareta agize Somaliya. Iki gitigiri gishasha c’abasirikare ntikirimwo abarwanira mu mazi, mu kirere hamwe n’inteko zidasanzwe zahawe imyimenyerezo na Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe na Turukiya.

Abategetsi bo mu ntara yiyonkoye ya Puntland bo ntibitabiriye iyo nama yabereye mu gisagara ca Baidoa ku matariki ya 15 gushika 17 z’uku kwezi kwa gatatu. Mu kwezi kwa mbere, abategetsi b’iyo ntara bavuze ko bazokwimenya muvy’umutekano nka reta yikukiye gushika ibwirizwa shingiro ry’igihugu cose rirangiye guhinyanyurwa.

Abategetsi ba reta ya Somaliya bavuze ko aya masezerano atumbereye gutegura igihugu kwifatira mu minwe umutekano waco wahora ucungerewe n’abasirikare b’ubumwe bwa Afrika. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG