Intagondwa zitwaje ibigwanisho mu buseruko bwa Congo zaraye zigandaguye abantu 19, zongera ziturira ivuriro n’amazu y’abanyagihugu.
Bikekwa ko abo barwanyi bakoze iryo bara bari mu muhari wa ADF, umugwi ukorana n’abagwanyi baharanira reta ya kiyislamu. Ico gitero cabereye mu bigwati vya Kirindera nk’uko vyatangajwe na Carly Nzanzu yahoze ari buramatari wa Kivu yo mu buraruko mu kiganiro yahaye ibinyamakuru vya reta.
Abategetsi bavuga ko abo bagwanyi bamaze imisi bica abanyagihugu mu buraruko bwa Kivu muri iyi misi ya vuba. Bavuga kandi ko abishwe mu mpera z’indwi iheze bagandaguwe hakoreshejwe inkoho, imbugita n’imipanga.
Ako karere kamaze imyaka n’imyaka gahanzwe n’ubwicanyi bukorwa n’abarwanyi barenga 120 bagwanira ubutegetsi, n’ubutunzi buri mu butaka bw’ ako karere.
Uwo mugwi w’abagwanyi ba ADF ukorera mu bisanzwe ukorera mu ntara ya Kivu y’uburaruko, ariko mu misi iheze bateye baja hakurya mu ntara ya Ituri. (AP)
Facebook Forum