Uko wahagera

Amerika Ibona ko Umurwi Wagner wo mu Burusiya Ukora Iterabwoba


Umushikiranganji wa Amerika ajejwe ubutungane, Merrick Garland yishura ibibazo vy'abasenateri ba Amerika, muri Capitol i Washington, kw'itariki ya 1/03/2023
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe ubutungane, Merrick Garland yishura ibibazo vy'abasenateri ba Amerika, muri Capitol i Washington, kw'itariki ya 1/03/2023

Umushikiranganji wa Amerika w’ubutungane, Merrick Garland, avuga ko ashigikiye ko umurwi w’abacangero Wagner w’Uburusiya witwa uw’iterabwoba mpuzamakungu. Yavuze ko uwawushinze, Yevgeny Prigozhin, ko yakoze ivyaha vyo mu ntambara.”

Yabivuze ku musi wa gatatu ariko yishura ibibazo vya komisiyo ya Sena ya Amerika ikurikirana ivy’ubutungane.

Merrick Garland yavuze ko Wagner ari ishirahamwe ririko rirakora ivyaha vyo mu ntambara, kandi ririko rirabangamira Amerika. Ariko avuga ko ubushikiranganji bw’imigenderanire ari bwo bwemerewe kwita amazina nk’ayo iyo mihari.

Umurwi w’abasenateri bakurikirana ivy’ubutungane uriko urategura itegeko rizosaba umushikiranganji w’imigenderanire kwita uwo murwi Wagner ko ari uw’iterabwoba.

Umugwi Wagner washinzwe mu 2014. Urongowe na Yevgeny Prigozhin, asanzwe yashizwe mu bihano na Amerika kuko yegereye Prezida Vladimir Poutine.

Ufise abarwanyi bagereranywa n’50.000 muri Ukraine. Benshi batororokanijwe bakuwe mu mabohero y’Uburusiya. Babaye intwari zidasanzwe ku Burusiya mu ntambara burimwo muri Ukraine. (VOA News).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG