Uko wahagera

OMS Ihangayikishijwe na Korera Ishobora Kuba Nyinshi muri Afurika


Bamwe mu barwayi ba Korera muri Zimbabwe
Bamwe mu barwayi ba Korera muri Zimbabwe

Umutegetsi wo mw'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS, ku mugabane wa Afrika ariko arasaba ko ibihugu bihanganye n'ikiza ca Kolera bifashwa kurushiriza. Yatangaje ko ico kiza gishobora kwiyongera ku rugero ruri hejuru cane mu gihe imvura ibandanya kurwa mu bice bimwe bimwe.

Dogiteri Patrick Otim, umutegetsi w’ishirahamwe OMS, akwirikirana indwara z’ivyaduka, yatangaje ko ukwiyadukiza kwa Kolera gushobora kugira ingaruka zikomeye kubera igihe gitoyi iyo ndwara imara kugira itorwe. Otim yavuze ko ari nkenerwa cane bashigikira ibihugu bigeramiwe n’ico kiza kugira bishobore kwishura mu gihe ikiza ca Kolera kiba kitarakwiragira cane.

Ubwandu bwa Kolera bwatanguye mu bihugu 12 ku bihugu 54 vyo muri Afrika. Afrika y’epfo, Tanzaniya na Zimbabwe ni vyo bihugu vya nyuma biherutse gutangaza iyo ndwara. Malawi, aho abantu amajana n’amajana bamaze guhitanwa na Kolera ni yo ihanganye bikomeye cane n’iyo ndwara kurusha ibindi bihugu vyo muri Afrika.

Izinga rya Madagascar, ryasinzikajwe n’ibihuhusi 2 vyihaye inkumbi muri uyu mwaka, naryo nyene ryarahangaye n’ikiza ca kolera giteye impungenge nyinshi.

Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, ryaragabishije ko ihindagurika ry’ibihe rishobora gutuma ikiza ca Kolera ciyadukiza kenshi kurushiriza, kubera umugera utera iyo ndwara wiyongera kurushiriza mu mazi ashushe. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG