Uko wahagera

Umwaka Uraheze Uburusiya Butanguye Kugaba Ibitero muri Ukraine


Prezida w'Uburusiya (I Bubamfu), uwa Ukraine ( i Buryo)
Prezida w'Uburusiya (I Bubamfu), uwa Ukraine ( i Buryo)

Umwaka urarumanye umunsi ku yundi Uburusiya butanguye kugaba ibitero muri Ukraine. Mw’itangazo yacishije ku mbugangurukanabumenyi ziwe, Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy, yavuze ko igihugu ciwe vyanke bikunde kizotahukana intsinzi mu ntambara kirimwo n’Uburusiya.

Yagize ati: “Twaracumukuye, ariko ntitwateshwa ngo dute. Uno mwaka, tuzokora ibishoboka vyose kugira dutahukane intsinzi. Ukraine yarabaye intangakarorero kw’isi. Ukraine yatumye isi ifatana mu nda.”

Abategetsi b’umurwi G7, uhurikiyemwo ibihugu indwi bitunze gusumba ibindi kw’isi, barahava bahura bifashishije ubuhinga bwa none, kugira batangaze ibihano bishasha bafatiye Uburusiya n’abashigikiye ico gihugu.

Ibiro vya prezida w’Amerika, White House, vyatangaje ko mu bihano Amerika itegekanya ku giti cayo birimwo ibiza kuba vyega abantu 200. Abo, bakaba barimwo abantu ku gatwe kabo, n'amashirahamwe yo mu Burusiya no bindi bihugu vyo ku mugabane wa Buraya na Aziya.Hambavu y'ivyo bihano, Perezidensi y’Amerika yatangaje ko igiye gufashisha Ukraine izindi miriyaridi zibiri z’amadorali y’Amerika.

Hagati aho, Ubushinwa uno musi bwasavye ko haba ibiganiro vy’amahoro hagati y’Uburusiya na Ukraine, intambara igahagarara bidatevye. Mu ngingo 12 Ubushinwa bwasohoye kuri ino sabukuru y’umwaka umwe w'intambara y’Uburusiya na Ukraine, ico gihugu casavye kandi ko amakungu ahagarika ibihano yafatiye Uburusiya.

Kuva Uburusiya butangura kugaba ibitero muri Ukraine, Ubushinwa ntibwigeze bududurirako ngo bwerekane aho buhagaze, naho butigeze bunebagura na gato ingendo y’Uburusiya yo gutera Ukraine. Uburusiya bumaze kwigarurira hafi igice ca gatanu ca Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG