Mu Burundi, uburovyi bukorerwa mu kiyaga ca Tanganyika bugiye guhagarikwa mu kiringo c’amezi atatu. Ubuyobozi bw’uburovyi muri icyo gihugu butangaza ko ari mu ntumbero yo kuraba uko amafi n’indagara vyosubira kurwira.
Iyo ngingo yo guhagarika uburovyi ihuriweko n’ibihugu bine: Uburundi, Repubilika ya Demokarasi ya Kongo, Tanzaniya na Zambiya.
Umuyobozi mukuru ajejwe ibikorwa vy’uburovyi mu kiyaga Tanganyika mu Burundi Sylvain Toussanga yatangaje ko guhagarika kuroba bizotangura kw’igenekerezo rya 15 ukwezi kwa gatanu gushika ku ya 15 ukwezi kw’umunani uyu mwaka w’2023.
Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Thierryve Ndayishimiye yateguye iyi nkuru arayidushikiriza mu majwi.
Facebook Forum