Uko wahagera

Somaliya: Al Shabab Yishe Abasivile 10 i Mogadishu


Abajejwe umutekano ba Somaliya ku nzu yatewe na Al shabab mu karere ka Abdias i Mogadishu, muri Somaliya, kw'itariki ya 21/02/2023
Abajejwe umutekano ba Somaliya ku nzu yatewe na Al shabab mu karere ka Abdias i Mogadishu, muri Somaliya, kw'itariki ya 21/02/2023

Abasivile cumi bishwe kuri uyu wa kabiri muri Somaliya, mu gitero cemanzwe n’umuhari w’iterabwoba al shabab mu murwa mukuru Mogadishu.

Reta ya Somaliya yavuze ko ico gitero cabaye mu masaha ya sa cenda z’umuhingamo, igihe al shabab yatera inzu yuzuyemwo abantu mu karere ka Abdiaziz, mu buraruko bwa Mogadishu.

Abategetsi bavuze ko abajejwe umutekano bihuse gutabara bakura abantu batari bake muri iyo nzu kandi ko abarwanyi bane ba al shabab bagavye ico gitero nabo bishwe.

Umusirikare wa Somaliya yari ahabereye ico gitero yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ko aba al shabab bihaye kugaba ibitero mu mazu y’abantu inyuma yo kubona ko bariko baratsindwa ku rubuga rw’intambara.

Prezida wa Somaliya, Hassan Cheikh Mohamoud, kuva aho agarukiye ku butegetsi mu 2022, yemereye uwo muhari kuzowurwanya kugeza baherengeteye bose. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG