Uko wahagera

ONU Isabira Malawi Imfashanyo yo Kurwanya Kolera


Abaforoma bariko baravura Kolera mu bitaro vy'i Bwaila i Lilongwe, muri Malawi
Abaforoma bariko baravura Kolera mu bitaro vy'i Bwaila i Lilongwe, muri Malawi

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU risabira Malawi imfashanyo yo guhagarika ikiza ca Kolera kimaze guhitana ubuzima bw’abantu hafi 1.450 ku bashika 45.000 banduye. Abahinga muvy’ubuvuzi muri Malawi bavuga ko mu gihe ata cokorwa cihuta mu guhagarika irandagata ry’uwo mugera, igitigiri c’abandura gishobora kugwizwa kabiri mu mezi make ari imbere.

ONU ivuga ko ikeneye vyihuta imiriyoni 45.3 z’amadolari y’imfashanyo zo kurokora ubuzima bw’abantu muri Malawi. ONU ivuga kandi ko iyo mfashanyo igenewe imiriyoni 4 z’abanyagihugu muri Malawi, barimwo n’impunzi 56.000 hamwe n’abasaba ubuhungiro bari mu bice bibangamiwe cane na Kolera.

Kolera muri Malawi yatanguye kugaragara mu kwezi kwa gatatu umwaka uheze kandi imaze gukwira mu turere 29.

Ibimenyeshamakuru hagati muri Malawi vyatangaje ko ico gihugu gikeneye izindi miriyoni 40 z’amadolari y’inyongera mu mugambi wayo wo kurwanya Kolera.

Prezida wa Malawi, Lazarus Chakwera, yavuze mu ndwi iheze ko amavuriro yakira abanduye bari hagati y’500 n’600 buri musi.

ONU yavuze ko abahinga mu vy’ubuvuzi bagabishije ko mu gihe ata cokorwa Malawi ishobora kuzoronka abantu bari hagati y’ 64.000 n’100.000 bazokwandura mu mezi atatu ari imbere (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG