Turukiya iriko irakurikirana amasosiyete ashika 134 n’ayarenga ku kuba yarubatse bitisunze amategeko amagorofa aheruka gusenyurwa na nyamugigima.
Gushika ubu, abantu barenga 33000 baramaze kumenyekana ko bapfuye hamwe n’abarenga 92000 bakomeretse. Ni mu gihe kandi abatabara bagitora ibiziga bishasha mu bibomoke vy’amazu.
Umushikiranganji wa Turukiya w’ubutungane, Bekir Bozdag avuga ko ubutungane bugiye guhana uwo wese yagize uruhara kugira amazu ibihumbi asenyurwe na nyamugigima yo ku musi wa mbere mu bumanuko bushira ubuseruko. Ahandi iyo nyamugigima yaciye ni mu buraruko bwa Siriya.
Umushikiranganji Bekir Bozdag yavuze kuri uyu w’Imana ko abantu batatu bamaze guhagarikwa, barindiriye gukubwitwa intahe mu gahanga, abandi indwi baza bamaze gushikanwa mw’ibohero. Abandi indwi bafatiwe ingingo yo kudasubira kuba muri Turukiya.
Abacamanza batanguye gutororokanya ibikoresho bifise utunenge vyakoreshejwe kuri izo nyubako. Abahinga muvy’inyubako bavuga ko naho iyo nyamugigima yari ikomeye cane ko izo nyubako ntizari gusambutse ukuraho, kuko zubatswe hadakurikijwe amategeko y’inyubako.
Prezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdoğan yavuze ku musi wa gatandatu ko iyo nyamugigima ari akaga ku gihugu ciwe. (VOA News)
Facebook Forum