Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yashize Ahabona Misile Zishobora "Kunesha Iza Amerika"


Misile Koreya ya Ruguru yerekanye
Misile Koreya ya Ruguru yerekanye

Koreya ya Ruguru yerekanye umurongo muremure wa misile nyinshi zirasa kure.
Ni ubwa mbere Koreya ya Ruguru ishize ahabona ibirwanisho bikomeye nk’ivyo yerekanye muri defire ya gisirikare yo kurata inguvu zayo yaraye ibereye i Pyongyang ku murwa mukuru w’ico gihugu.

Urukurikirane rw’ibisasu vya misile ruhonyanganda vyo mu bwoko bwa balistike Koreya ya Ruguru yerekanye birasa kure, bigashobora gukora hifashishijwe imoteri ikoresha ibitoro.

Itororokanirizo ry’amakuru ya Reta muri Koreya ya Ruguru ryashimagije iyerekanwa ry’ivyo birwanisho, rivuga ko Koreya ya Ruguru yerekanye ububasha bwayo bwa gisirikare n’inguvu zayo mu vya Nikleyeri.

Ibisasu vya Misile ruhonyanganda Koreya ya Ruguru yerekanye vyari 11, ariko hari ibindi bitanu bitagaragaye vyagumye mu masandugu yavyo: Abasesanguzi naho batamenye ubwoko bw’ivyo birwanisho bitashizwe ahabona, bakeka ko biri mu vya rutura Koreya ya Ruguru imaze igihe ishaka gukora.

Abahinga bavuze ko ivyo bisasu vya misile ruhonyanganda Koreya ya Ruguru ishobora kubirungika bigashikira ica rimwe mu bice vyinshi vya Amerika, bagakeka ko bifise n’inguvu nyinshi zishobora kugwiza n’ubusa ibisasu vya Amerika bizibira ibitero bikomeye vya Misile.

Indongozi ya Koreya ya Ruguru, Kim Jong Un, yakurikiranye defire ya gisirikare yerekaniwemwo ivyo birwanisho vyiwe ari kumwe n’abasirikare, umugore wiwe n’umukobwa wiwe Kim Ju-ae.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG