Umutegetsi kizigenza wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei kuri uyu w’Imana yafashe ingingo yo kugirira ikigongwe canke kugabanya umunyororo w’abantu ibihumbi n’ibihumbi bapfunzwe kuko bagiye mu myiyerekano yiyamiriza reta.
Itegeko rya Ali Khamenei, riri mu bigongwe atanga buri mwaka imbere yo kwibuka buri mwaka revolisiyo yabaye muri Irani mu 1979. Ibimenyeshamakuru vyegamiye reta vyasohoye intonde z’abantu batazorabwa n’ico kigongwe barimwo abagirijwe gusumira urusaku ibindi bihugu badacana uwaka.
Abaharanira agateka ka muntu baciye banebagura iryo tegeko rya Khamenei. Bavuga ko ico kigongwe ataco kizohindura. Mahmood Amiry-Moghaddam wo mw’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu muri Irani yavuze ko inzirakarengane zibwirizwa kurekura ariko kandi n’abababoreje ifuga bakwiye kubibazwa.
Abategetsi ntibavuze amazina y’abababariwe canke bagabanirijwe igifungo. Ariko televiziyo ya reta ibandanya ishikiriza amakuru ko imyiyerekano yabaye yari iy’abanyamahanga, itari yatewe n’iyicwa rya Masha Amini mu kwezi kw’icenda.
Abantu barenga 19,600 barafashwe muri iyo myiyerekano, nkuko bivugwa n’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu muri Irani. Rivuga kandi ko abashika 527 bishwe igihe abategetsi bariko barahagarika iyo myiyerekano. (AP)
Facebook Forum