Uko wahagera

EU Yizera ko Afurika y'Epfo Izogondoza Uburusiya mu Ntambara ya Ukraine


Umutegetsi mukuru w'umuryango w'ubumwe bw'Ubulaya ajejwe imigenderanire Josep Borrell
Umutegetsi mukuru w'umuryango w'ubumwe bw'Ubulaya ajejwe imigenderanire Josep Borrell

Umutegetsi mukuru w'umuryango w'ubumwe bw'Ubulaya ajejwe imigenderanire Josep Borrell, yatangaje uno musi ku wa gatanu ko yizeye ko Afrika y'epfo izokoresha imigenderanire myiza ifitaniye n'Uburusiya kugira ibujijure buhagarike ingwano muri Ukraine.

Josep Borrell, yatangaje ko batariko basaba Afrika y’epfo guhitamwo uruhande rumwe uri canke urundi. Yamara asaba ibihugug vyo kw’isi kwubahiriza amategeko agenga ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Yabitangaje ari kumwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Afrika y’epfo, Naledi Pandor ku murwa mukuru wa politike, Pretoria mu rugendo arimwo muri ico gihugu.

Umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya ubona ko Afrika y’epfof ari igihugu gikora n’Ubulaya cane hisunzwe amategeko mpuzamakungu. Naledi Pandor, yatangaje ko atari Afrika y’epfo yonyene canke ibindi bihugu vyo muri Afrika bitegerezwa kugira uruhara ku vyerekeye kurondera amahoro.

Borrell ari mu rugendo muri Afrika y’epfo kuva ejo ku musi wa kane. Avuye muri Afrika y’epfo azoja mu gihugu ca Botswana ejo ku musi wa gatandatu, aho azogirana inama n’abategetsi batari bake b’ico gihugu, harimwo umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Lemogang Kwape, n’umunyamabanga nshingwabikorwa w’ishirahamwe rijejwe iterambere mu karere ko muri Afrika yo mu bumanuko, SADC, Elias Magosi. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG