Uko wahagera

Abategetsi ba Amerika mu Rugendo muri Tayiwani


Intumwa za Amerika zagiye muri Tayiwane
Intumwa za Amerika zagiye muri Tayiwane

Akagwi k’abategetsi bakomeye ba Reta zunze ubumwe za Amerika bari mu rugendo rw’ukugirana ibiganiro vy’ubudandaji hagati y’ico gihugu n’izinga ryigenga rya Tayiwani.

Uwo mugwi ugiye uyobowe na Terry McCartin umuhanuzi w’umushikiranganji wa Amerika ajejwe ubudandaji, mu biro biraba ibijanye n’ubudandanji n’igihugu c’Ubushinwa. Bashitse I Taipei ku musi wa gatanu mu rugendo rw’imisi ine y’ibiganiro na Tayiwani mu mugambi wiswe US-Taiwan 21 Century Trade Initiative. Uwo mugambi ugizwe n’ibisata 11 harimwo ukurwanya ruswa, uburimyi, uguhanahana ubumenyi bwa none, ibidukikije n’amategeko agenga ubuzi.

Uwo mugambi hagati y’Amerika n’ibihugu vy’Aziya wagiye mu ngiro mu kwezi kwa gatandatu kw’umwaka uheze inyuma y'aho Amerika itunganije umugambi ugizwe n’amasezerano y’ubutunzi hagati yayo n’ibihugu 12 vy’akarere k’ibahari rya Pasifika. Ivyo birimwo Australiya, Ubuyapani, Nouvelle-Zélande, Filipine, Koreya y’Epfo, Tayilande na Vietnamu. Izinga rya Tayiwani ntiryari ryatumiwe muri uwo mugambi kubera amakenga Amerika yagize yuko vyari guhava bishavuza igihugu c’ubushinwa, iryo zinga risanzwe ryariyonkoyeko.

Ivyo biri ukwo mu gihe reta y’Ubushinwa igifata iryo zinga ko rikigize igice c’igihugu c’Ubushinwa. Ryamaze gutangaza ko ryigenga mu buryo bw’intwaro yaryo ya demokarasi kuva habaye intambara ya gisivile mu mwaka wi 1949.(VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG