Uko wahagera

Somaliya: Abasirikare Bigaruriye Ibisagara 2 Vyari vyafashwe na al-Shabab.


Bamwe mu basirikare ba Somaliya
Bamwe mu basirikare ba Somaliya

Reta ya Somaliya yatangaje ko igisirikare cayo cigaruriye ibisagara bibiri vyari vyarafashwe n’abarwanyi ba al-Shabab.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Somaliya Abdulkadir Mohamed Nur yabwiye ijwi ry’ Amerika ko abasirikare b’igihugu, bifatanije n’abanyagihugu, bigaruriye uducimbiri twa Harardhere na Galcad, batarinze gutana mu mitwe n’abagwanyi ba al-Shabab kubera abo bagwanyi baciye bahunga intambara.

Haradhere kari ku kivuko kiri mu kigwati gikomeye kandi cahora gikoreramwo abasuma biba munzato. Ni agacimbiri kandi kari mu ntara ya Galmudug, kahora mu minwe ya al-Shabab gushika kuri uno musi wa mbere.

Umushikiranganji Nur avuga ko igisirikare cafashe utwo ducimbiri gifashijwe n’abanyagihugu b’abarwanyi bo mukarere hamwe n’abanyagihugu baba muri ivyo bigwati nyene. Avuga kandi ko ata banyagihugu bahora baba mu gacimbiri kubera al-Shaba yatumye abanyagihugu bomoka, amaduka agahava akugara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG